Uwupfuye atigeze abangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru, nayo uwupfuye yarabangikanije Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu muriro

Uwupfuye atigeze abangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru, nayo uwupfuye yarabangikanije Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu muriro

Mu vyakiriwe na Jaabiri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Umusi umwe hari umugabo yaje ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca amubaza ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni ibihe bintu bibiri bituma umuntu ategerezwa kwinjira mu Bwami bw'ijuru canke mu muriro?". Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica imwishura iti: "Uwupfuye atigeze abangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru, nayo uwupfuye yarabangikanije Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu muriro"".

الشرح

Hari umugabo yabajije Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku bintu bibiri: Igitegerezwa kwinjiza umuntu mu Bwami bw'ijuru n'igitegerezwa kwinjiza umuntu mu muriro. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye yishura nya mugabo ko igituma umuntu ategerezwa kwinjira mu Bwami bw'ijuru, ari ukuba umuntu yapfuye yiyegereza Imana Allah mu vyo akora vyose akanayisenga atayibangikanya n'ikintu na kimwe mu biremwa; n'uko igituma umuntu ategerezwa kwinjira mu muriro, ari ukuba umuntu yapfuye abangikanya Imana Allah n'ikindi kintu mu biremwa, maze akayigirira mu biremwa ikingana na Yo mu bumana bwayo, canke mu bubungabunzi bwayo bw'ibiremwa, canke mu mazina n'amatazirano yayo.

فوائد الحديث

Iciza n'akamaro k'ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, ni uko uwupfuye ari umwemeramana atayibangikanya na kimwe mu biremwa, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru.

Ikibi n'ingaruka mbi z'ibangikanyamana, ni uko uwupfuye abangikanya Imana Allah n'ikindi kintu na kimwe mu biremwa, azokwinjira mu muriro.

Abanyavyaha mu basenga Imana Imwe Rudende Allah, uguhanwa canke ukudahanwa kwabo kuzokwisunga ugushaka kw'Imana Allah; Ishatse Izobahana, Ishatse naho Ibababarire ivyaha vyabo hanyuma binjire mu Bwami bw'ijuru.