Mu vy'ukuri, Imana Allah Izofata umuntu umwe mu bantu narungitsweko, kugira Imuharurire ishengero ry'ibiremwa rikoraniye ng'aho ku musi w'izuka

Mu vy'ukuri, Imana Allah Izofata umuntu umwe mu bantu narungitsweko, kugira Imuharurire ishengero ry'ibiremwa rikoraniye ng'aho ku musi w'izuka

Mu vyakiriwe na Abdu Llaahi mwene Amri mwene Al'Aaaswi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Izofata umuntu umwe mu bantu narungitsweko, kugira Imuharurire ishengero ry'ibiremwa rikoraniye ng'aho ku musi w'izuka, aheze yugururirwe ibitabu mirongo icenda c'icenda vyanditswemwo ivyo yakoze vyose, kimwe cose muri vyo kizoba ari kirekire kireha n'ibuheramaso, hanyuma Imana Allah Ibwire nya muntu Iti: "Muri ibi vyose, hari na kimwe uhakana? Abanditsi banje babungabunga ibikorwa vy'ibiremwa, hari na kimwe bakurenganijeko!?". Wa muntu azoheza yishure ati: "Mana yanje Rurema! Habe namba". Imana Allah Izoca Imubaza Iti: "None hari ico wokwireguza ku vyo wakoze?". Wa muntu aheze yishure ati: "Mana yanje Rurema! Ihibambewe, nta co mfise nokwireguza". Maze Imana Allah Ice Imubwira Iti: "Ego cane, urafise ico wokwireguza, mu vy'ukuri urafise iciza twakuzigamiye, kukaba nkako kuri uno musi, nta na kimwe urenganywako". Hazoca herekanwa agatabu kanditsemwo gati: "ASH-HADU AN LAA ILAAHA ILLA LLAAH, WA-ASH-HADU ANNA MUHAMMADA ABDUHU WARASUULUH". Imana Allah Ishoke Ivuga Iti: "Genda rero upimirwe ku munzane ivyo wakoze". Wa muntu azokwitangaza maze avuga ati: "Mana yanje Rurema Allah! Agatabu nk'aka gapimwe hambavu y'ibitabu nk'ibi bingana amahanga!?". Imana Allah Izomwishura Imuhumuriza Iti: "Mu vy'ukuri, wewe nturenganywa na mba". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Ico gihe rero vya bitabu amahanga bizoshirwa kw'isahani y'umunzane, ka gatabu nako gashirwe kw'isanani y'urundi ruhande rw'umunzane, maze nya bitabu bice bihwahuka, ka gatabu na ko gace karemera ku munzane, kanatsinda nta kintu coza kiremereye namba gusumba izina ry'Imana Allah"".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarerekanye ko Imana Allah Izofata umuntu umwe mu bantu yarungitsweko, ishengero ry'ibiremwa rikoraniye ng'aho ku musi w'izuka, maze Imurengutse kugira aharurirwe, ace yerekwa ibitabu mirongo icenda n'icenda. Ivyo bitabu bizoba vyanditswemwo ivyaha vyose nya muntu yakoze kw'isi, kimwe cose muri ivyo bitabu, kizoba ari kirekire kireha n'ibuheramaso. Hanyuma Imana Allah Ice Ibwira uyo muntu Iti: "Mbega none hoba hari ico uhakana mu vyanditswe muri ibi bitabu?, abamalayika banje babungabunga ibikorwa vy'ibiremwa mu kwandika, hari ico bakurenganijeko?". Wa muntu azoca yishura ati: "Mana yanje Rurema! Habe namba, nta co bandenganijeko". Imana Allah Ishoke Imubwira Iti: "Nta co wokwireguza ku vyaha wakoze kw'isi, nko kuba wabikoze wibagiye, canke atari ku bigira nkana, canke ku kutamenya!?", maze nya muntu ace avuga n'intuntu n'akantu ati: "Mana yanje Rurema! Nta cireguzo mfise". Aho Imana Allah Izoca Imubwira Imuhumuriza Iti: "Burya rero urafise iciza Twakuzigamiye kitanditswe muri ivyo bitabu vy'ivyaha, kanatsinda kuri uno musi ntureganywa namba". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Hazoca herekanwa agatabu kanditswemwo gati: "Ndemeye ku mutima wanje, ndavyatuye n'ururimi rwanje, nemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Allah, kandi ndemeye ku mutima wanje, ndavyatuye n'ururimi rwanje, nemanga ko Muhamadi ari Umuja wayo akaba n'Intumwa yayo"". Imana Allah Izoca Ibwira nya muntu Iti: "Genda rero gupimirwa ibikorwa vyawe ku munzane". Wa muntu na we ace yitangaza avuga ati: "Ewe Mana yanje Rurema! Ipimwa ku munzane ry'aka gatabu, rimaze iki hambavu y'ibi bitabu amahanga vyuzuye ivyaha!?". Imana Allah Izoca Imuhumuriza Imubwira Iti: "Nta co urenganywako mu vyo wakoze!". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye avuga ati: "Ico gihe rero, ibitabu vy'ivyaha bizoheza bishirwe kw'isahani y'umunzane, ka gatabu na ko gashirwe kw'isahani y'urundi ruhande rw'umunzane; vya bitabu bice bihwahuka, haremere ka gatabu kari ku yindi sahani, maze Imana Allah Ice Ibabarira nya muntu ivyaha vyiwe".

فوائد الحديث

Uburemere bw'ijambo ry'ukwemera ko "ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah" igihe c'ugupimwa ku munzane ibikorwa vy'ibiremwa ku musi w'izuka.

Ukuvuga gusa n'ururimi ko "ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah" ntibikwiye, ahubwo ni ngombwa ko uwuvuze iryo jambo ry'ukwemanga, aba azi neza ico risigura maze akarigendera.

Izirikanamana hamwe n'ukwemera koko Imana Imwe Rudende Allah, ni yo mvo ihambaye y'ukubabarirwa ivhaha.

Ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, kugenda gusumbasumbana hisunzwe izirikamana riri mu mushaha, hari bamwe mu bantu usanga bishika bakavuga iryo jambo, ariko bakazohanwa hakurikijwe urugero rw'ivyaha bakoze.