إعدادات العرض
Igihe Imana Allah Yarema Ubwami bw'ijuru hamwe n'umuriro udahera, Yatumye umumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah)
Igihe Imana Allah Yarema Ubwami bw'ijuru hamwe n'umuriro udahera, Yatumye umumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah)
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aho yavuze iti: "Igihe Imana Allah Yarema Ubwami bw'ijuru hamwe n'umuriro udahera, Yatumye umumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah) mu Bwami bw'ijuru, maze Imubwira Iti: "Enda nyabuna, genda mu Bwami bw'ijuru, maze urabe ivyo Nategekanirije benebwo". Umumalayika Jibrili maze araraba ibiri muri nya Bwami, araheza aragaruka, aca abwira Imana Allah ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Nta wuzokwumva ibiri aho mbonye mu Bwami bw'ijuru, kiretse ko azoharanira kubwinjira". Imana Allah Ica Irategeka ko nya Bwami bukikuzwa n'ivyo abantu banka. Jibrili amaze kubibona araheza avuga n'impungenge n'akantu ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Ni ukuri, ndafise ubwoba n'impungenge ko ata n'umwe azoshobora kubwinjira". Imana Allah Ica Imubwira Iti: "Enda rero genda urabe umuriro n'ivyo Nategekanirije benewo". Jibrili agize ngo araravye umuriro abona uragerekeranyeko (uriko uratigita), aca aragaruka abwira Imana Allah ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Nta n'umwe azogenda awinjiye". Imana Allah Ica Itegeka ko umuriro ukikuzwa n'ivyo abantu bakunda, Iraheza Imubwira Iti: "Subirayo kandi uheze urabe uko umuriro wifashe". Jibrili agize ngo araraba nya muriro, asanga ukikujwe n'ivyo abantu bakunda", aca aragaruka abwira Imana Allah ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Ni ukuri, ndafise ubwoba n'impungenge ko ata n'umwe azorokoka umuriro ngo agende atawinjiye"".
الترجمة
العربية English မြန်မာ Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands اردو Español Bahasa Indonesia ئۇيغۇرچە বাংলা Bosanski සිංහල हिन्दी Tiếng Việt Kurdî Hausa മലയാളം తెలుగు Kiswahili پښتو অসমীয়া Shqip دری Ελληνικά Български Fulfulde ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek नेपाली Moore Wolof Soomaali Tagalog Français Azərbaycan Українська Português Bambara தமிழ் Deutsch ქართული Македонски فارسی Magyar Русский 中文 yao ភាសាខ្មែរ አማርኛ Malagasy Oromoo ไทย Dansk मराठी ਪੰਜਾਬੀ Türkçe Lingala Italianoالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yariganiye ingendanyi ko igihe Imana Allah Yarema Ubwami bw'ijuru n'umuriro, Yabwiye Umumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah) Iti: Genda mu Bwami bw'ijuru, maze urabe ivyo Nategekanirije abazobwinjira. Umumalayika Jibrili yararavye ibiri muri nya Bwami, araheza aragaruka, aca abwira Imana Allah ati: Ewe Mana yanje Rurema! Ndarahiye ku cubahiro cawe ko ata muntu n'umwe azokwumva ibiri aho mbonye mu Bwami bw'ijuru, mu nema z'akaroruhore n'ivyiza biteye igomwe, kiretse ko azokwipfuza kubwinjira maze agakora ibikorwa vyiza bitegetswe kugira abwinjire. Imana Allah Ica Itegeka ko nya Bwami bukikuzwa n'ivyo abantu banka biremereye kwubahirizwa mu mabwirizwa ashirwa mu ngiro n'ibibujijwe abantu bategerezwa kureka. Kuri ubwo, uwushaka kwinjira muri nya Bwami, ategerezwa kurengera no kwirengagiza ivyo abantu banka. Hanyuma ni ho Imana Allah Nyeniteka n'icubahiro nta ngere Yabwira Jibrili Iti: Ewe Jibrili! Enda rero genda urabe Ubwami bw'ijuru n'ibibukikuje mu vyo abantu banka, Jibrili amaze kugenda akabibona mu nyuma akagaruka, yaciye avuga n'impungene na kantu ati: Ewe Mana yanje Rurema! Ndarahiye ku cubahiro cawe, ni ukuri natinye ko ata n'umuntu n'umwe azoshobora kwinjira mu Bwami bw'ijuru; biturutse ku buremere n'ingorane ziri mu nzira iganayo. N'igihe Imana Allah Irema umuriro, Yabwiye Umumalayika Jibrili Iti: Ewe Jibrili! Enda rero genda urabe umuriro n'ivyo Nategekanirije abazowinjira, Jibrili yaragiye agize ngo araravye ibiri mu muriro, mu nyuma akagaruka, yaciye abwira Imana Allah ati: Ewe Mana yanje Rurema! Ndarahiye ku cubahiro cawe ko ata muntu n'umwe azokwumva ibiri aho mbonye, mu bihano ruhasha n'intureka z'urutavanako, kiretse ko azokwanka kwinjira mu muriro akanigirwa kure y'ico cose cotuma awinjira. Ni ho rero Imana Allah Yaca Itegeka ko umuriro ukikuzwa n'ivyo abantu bakunda, maze Igira inzira iganayo kuba irimwo ibihendamaso n'ibiryoheye ijisho vy'isi, Iraheza Ibwira Jibrili Iti: Ewe Jibrili! Enda subirayo kandi uheze urabe uko umuriro wifashe. Jibrili ni ho yasubira kuraba wa muriro, asanga ukikujwe n'ivyo abantu bakunda mu bihendamaso n'ibiryoheye ijisho vy'isi, aca aragaruka abwira Imana Allah ati: Ewe Mana yanje Rurema! Ndarahiye ku cubahiro cawe! Ni ukuri, natinye ko ata muntu n'umwe azorokoka umuriro ngo agende atawinjiye; ndavye ibiwukikuje mu bihendamaso n'ibiryoshe vy'isi.فوائد الحديث
Ukwemera ko Ubwami bw'ijuru n'umuriro vyaremwe kandi n'ubu bihari.
Ni ngombwa kwemera ibinyegejwe ibiremwa, hamwe rero na birya vyose vyashikirijwe n'Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).
Akamaro kw'ukwihanganira ivyo abantu banka kuko ari yo nzira ishikana umuntu mu Bwami bw'ijuru.
Akamaro ko kwirinda kugwa mu bizira kuko ari yo nzira ishikana umuntu mu muriro.
Ikikuzwa ry'Ubwami bw'ijuru, ivyo abantu banka, n'ikikuzwa ry'umuriro, ivyo abantu bakunda, biza mu ntumbero y'igeragezwa ry'ibiremwa mu buzima bwo kw'isi.
Guca mu nzira iganisha umuntu mu Bwami bw'ijuru, biragoye kandi biraremereye, bikaba rero bisaba ukwihangana n'ukubira akuya mu kwamizako ibijanye n'ukwemera; na yo inzira ishikana umuntu mu muriro, ishashemwo ibiryoshe n'ibihendamaso vy'isi.