إعدادات العرض
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ikaba ari na yo mvugakuri-Mudahinyuzwa aho ivuga : "ko iremwa ry'umwe wese muri mwebwe riba mu kwegeranya intanga mu gitereko ca nyina mu mirango mirongo ine n'amajoro mirongo ine
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ikaba ari na yo mvugakuri-Mudahinyuzwa aho ivuga : "ko iremwa ry'umwe wese muri mwebwe riba mu kwegeranya intanga mu gitereko ca nyina mu mirango mirongo ine n'amajoro mirongo ine
Mu vyakiriwe na Abdillahi mwene Mas'uudi (Imana Allah Imwishimire): Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ikaba ari na yo mvugakuri-Mudahinyuzwa aho ivuga : "ko iremwa ry'umwe wese muri mwebwe riba mu kwegeranya intanga mu gitereko ca nyina mu mirango mirongo ine n'amajoro mirongo ine, hanyuma akaba akamanyu k'amaraso avuze mu kiringo nk'ico nyene c'imisi mirongo ine, hanyuma akaba akamanyu k'inyama mu kiringo nk'ico nyene c'imisi mirongo ine, hanyuma akarungikirwa umumalayika, maze agahabwa n'Imana Allah uburenganzira bw'ukwandika amajambo ane ku bizomushikira vyose, agaheza rero akandika: ibizomubeshaho, imyaka azobaho, ibikorwa azokora, n'uko rero azobaho mu magorwa canke mu mahirwe, agaheza rero agaca amuhuhiramwo inkomoko y'ubuzima "Roho". Kubera ivyo rero, ni ukuri umwe wese muri mwebwe hari igihe bishika agakora igikorwa c'abantu bo mu Bwami bw'ijuru kugeza n'aho ata gisigaye kiri hagati yiwe n'Ubwami bw'ijuru ngo abushikire kiretse intambwe nto ireha n'uburebure bw'ukuboko gushika mu nkokora, yamara ivyanditswe kuri we bikitanganiza imbere bikamuciramwo, maze agakora igikorwa c'abantu bo mu muriro, agasanga awinjiyemwo ukwo. Ni ukuri hari n'igihe umwe muri mwebwe akora igikorwa c'abantu bo mu muriro, kugeza n'aho ata gisigaye kiri hagati yiwe n'umuriro ngo awinjiremwo kiretse intambwe nto ireha n'uburebure bw'ukuboko gushika mu nkokora, yamara ivyanditswe kuri we bikitanganiza imbere bikamuciramwo, maze agakora igikorwa c'abantu bo mu Bwamwi bw'ijuru, agasanga abwinjiyemwo ukwo".
الترجمة
العربية English မြန်မာ Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands اردو Español Bahasa Indonesia ئۇيغۇرچە বাংলা Bosanski සිංහල हिन्दी Tiếng Việt Hausa മലയാളം తెలుగు Kiswahili پښتو অসমীয়া Shqip دری Ελληνικά Български Fulfulde ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek नेपाली Moore Kurdî Wolof Soomaali Français Azərbaycan Tagalog Українська தமிழ் Bambara Deutsch ქართული Português Македонски Magyar فارسی Русский 中文 ភាសាខ្មែរ አማርኛ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Türkçe Lingala Italiano ms Dansk kmrالشرح
Mwene Mas'uudi yavuze ati: Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ikaba ari na yo mvugakuri mu vyo ishikiriza, ikaba Mudahinyuzwakuko ishigikiwe n'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere mu vyo ivuga; yavuze iti: "Mu vy'ukuri iremwa ry'umwe wese mu muri mwebwe, riba mu kwegeranya intanga, ku buryo iyo umugabo aranguranye amabanga y'abubatse n'umukenyezi wiwe asesera intanga ziwe zigasanzara mu gitereko, maze zikegeranywa muri nya gitereko zikaba ima rimwe ry'intanga mu kiringo c'imisi mirongo ine, hanyuma nya ma ry'intanga rigacika akamanyu k'amaraso avuze (aremye) mu kindi kiringo kigira kabiri c'imisi mirongo ine, hanyuma ka kamanyu k'amaraso avuze kagacika akamanyu k'inyama kangana n'inyama umuntu yosemura n'amenyo, ivyo bikagirwa mu kindi kiringo ca gatatu c'imisi mirongo ine, ico kiringo kigira gatatu rero kirangiye, mu nyuma Imana Allah Ica Imurungikira umumalayika agahuhira muri nya kamanyu k'inyama inkomoko y'ubuzima "Roho", agategekwa n'Imana Allah kwandika amajambo ane ku vyagezwe kuri we, na yo akaba ari: Ibizomubeshaho, na vyo bikaba ari birya vyose bijanye n'inema azoronka mu buzima bwiwe bwose, 2. Imyaka azobaho, na co kikaba ari kirya kiringo c'imyaka azobaho kw'isi. 3. Ibikorwa azokora ivyo ari vyo. 4. Harandikwa n'uko rero azobaho mu magorwa canke mu mahirwe. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu nyuma yararahiye ko mu vy'ukuri umuntu ashobora gukora ibikorwa vyiza vy'abantu bo mu Bwami bw'ijuru mu vyo abantu bibaza (bibonera n'amaso yabo), agashishikara ukwo, kugeza n'aho ata gisigaye kiri hagati yiwe n'Ubwami bw'ijuru ngo abwinjire (ata kintu na kimwe cotuma atabwinjira), kiretse intambwe nto ireha n'uburebure bw'ukuboko gushika mu nkokora, bisigura ko ata kiba gisigaye ngo ashikire Ubwami bw'ijuru kiretse intambwe ntoya cane umuntu yogereranya n'uburebure bw'ukuboko gushika mu nkokora; kugira ashike iyo aroye, yamara rero hagaca higanza ivyanditswe vyagezwe kuri we, bikitanganiza imbere, ico gihe agasanga asozereye ubuzima bwiwe mu gukora ibikorwa vy'abantu bo mu muriro, agaca awinjira; kuko igisabwa kugira igikorwa cemerwe, ni ukwamizako igikorwa ata guhesha gushika gupfa. Hakaba rero n'uwundi muntu ashobora gukora ibikorwa bibi vy'abantu bo mu muriro mu vyo abantu bibaza (bibonera n'amaso yabo), agashishikara ukwo kugeza n'aho ahakwa kwinjira mu muriro, nk'aho hagati yiwe n'umuriro hoba hasigaye intambwe ntoya cane ireha n'uburebure bw'ukuboko gushika mu nkokora, kugira umuntu ashike iyo aroye, yamara hagaca higanza ivyanditswe vyagezwe kuri we bikitanganiza imbere, ico gihe agasanga asozereye ubuzima bwiwe mu gukora ibikorwa vyiza vy'abantu bo mu Bwami bw'ijuru, agaca abwinjira.فوائد الحديث
Iherezo ryiza canke ribi ry'ibintu, ryisunga ivyamaze kwandikwa mu vyagezwe.
Ukwihaniza umuntu ko atokwihenda akishimira ibikorwa bitandukanye akora; kuko mu vy'ukuri, ibikorwa vyose bihabwa agaciro hisunzwe isozerwa ryavyo uko ryagenze (birabwa iherezo).
